Imihingo 25 Yo Gusambura Igihugu n'Ishengero - Levi Rukundo - Books - Lulu.com - 9781716594403 - September 20, 2020
In case cover and title do not match, the title is correct

Imihingo 25 Yo Gusambura Igihugu n'Ishengero


Get an email once the item is available
Do you have a profile? Log in
Get notified about new Levi Rukundo releases
Add to your iMusic wish list

Not rated yet

Iki gitabu giherejwe aba-Kristo bose, abari mu butegetsi bg'igihugu n'amashengero, batahura ururimi rw'Ikirundi. Kirimwo ivyo umukozi w'Uhoraho Imana Alphonse NIYONZIMA yeretswe aho yajanwa mu nganji ya satani akibonera ingene ingabo za wa mubi zitanga ivyegeranyo vy'ingene ibikorwa bakorera kw'isi biriko biragenda n'imigabo bafise kugirango basenyure ibihugu n'ishengero. Ivyo vyegeranyo nyene birimwo amabanga menshi umu-Kristo wese akwiriye kumenya yisunze ijambo ry'Imana ryanditse muri Bibiliya Yera. Umuntu wese aca aronka umuco w'ingene igihugu n'ishengero bitegerezwa kwubakwa kugira ngo bikomere kandi bikomezwe kugira ngo bishobore guhangana n'umwansi w'Imana. Iki gitabu gishira ahabona ingene dutegerezwa kugwana iyo ntambara. Umwungere n'Umuvugishwa Alphonse NIYONZIMA Umwungere n'umuvugishwa Alphonse NIYONZIMA yavukiye muri Komine Vugizo, zone Gishiha, umusozi Mutobo mu Ntara ya Makamba. Yavutse kw'igenekerezo rya 24 Kigarama 1960. Mu ntambara yabaye mwaka wi 1972 yahungiye mu gihugu ca Tanzaniya ari naho yize, aza guhunguka mu 1992 mugabo aca yongera arahunga mu 1993. Arubatse kandi afise abana, bose bakaba batuye mu gihugu ca Amerika. Ni umuvugabutumwa ahamagarira abantu kwihana no gutunganya ubuzima bgabo. Ubgo butumwa atanga ntibushingiye kw'idini na rimwe canke ishengero. Amaze kuja mu bihugu vyinshi n'imihingo myinshi asemerera ngo abantu batumbere Yesu Kristo wenyene buzuzwe Mpwemu Yera. Mukuvuga ubutumwa akoresha ikirundi, igiswahili n'icongereza. Ubuzima bgiwe bgaranzwe n'ukwerekwa no guhanurira amahanga. Amenyekanira cane ku mayerekwa ahambaye nka: - Igihugu ca rutura ca Amerika ingene kizosozera; - Intambara ihambaye yo mu gihugu ca Tanzaniya; - Ingene Uburundi bgatoranijwe nka Isirayeli; - Ingene abantu bazogenda mw'ijuru; - Ikiyaya c'Abera; - Ingene abadayimoni basahura abantu bari kumpfiro; - Ingene umuriro wadutse ugakwira igihugu cose c'Uburundi; - Ibanga ry'abatwaye n'abazotwara igihugu c'Uburundi; - Iyerekwa ku kiyaga Tanganyika. Yeretswe n'ibindi vyishi bimwe bimaze gushika n'ibindi bikirindiwe. Mu buhanuzi ashira ahabona aravuga ibintu n'ido ryavyo, akavuga n'igihe bizobera bikaba uko nyene. Afise n'ingabire itangaje yo gusigura inzozi, inyereko n'ibihishijwe. Iki gitabo ciwe kirimwo amabanga menshi umuntu wese yotegerezwa kumenya. Dr Levi RUKUNDO

Media Books     Paperback Book   (Book with soft cover and glued back)
Released September 20, 2020
ISBN13 9781716594403
Publishers Lulu.com
Pages 130
Dimensions 216 × 279 × 7 mm   ·   317 g
Language Swahili  

More by Levi Rukundo

Show all